ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 10:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Kanani na we yavyaye Sidoni+ imfura yiwe na Heti+

  • Itanguriro 49:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 “Zebuloni azoba iruhande y’inkengera y’ikiyaga+, kandi azoba iruhande y’inkengera aho imeri zihagarara zakoroye inanga+; kandi uruhande rwiwe rwa kure ruzoba ruherereye i Sidoni+.

  • Yosuwa 11:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Maze Yehova abatanga mu kuboko kwa Isirayeli+, bano barabakubita hanyuma barabakurikira gushika i Sidoni+, ahaba abantu benshi, n’i Misirefoti-mayimu+ no mu kiyaya c’umubande ca Mizipe+ mu buseruko; babandanya kubakubita gushika n’aho batabasigariza n’umwe+.

  • Abacamanza 10:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 n’Abanyasidoni+ na Amaleki+ na Midiyani+, igihe babahahaza+ maze namwe mukandirira, sinabakijije nkabakura mu kuboko kwabo?

  • Abacamanza 18:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Nya bagabo batanu barabandanya rero maze bashika i Layishi+, babona ingene abantu bariyo bari babayeho batazera inze, nk’uko umugenzo w’Abanyasidoni wari, batekanye kandi ata co binona+; kandi nta munyazi w’intara w’agahahazo yasindira ikintu na kimwe muri ico gihugu, kuko baba kure y’Abanyasidoni+ bakaba kandi ata co bari bahuriyeko n’abantu.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika