Kuvayo 15:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Hanyuma Miriyamu umuhanuzikazi, mushiki wa Aroni+, atora akagoma mu kuboko kwiwe+; maze abagore bose batangura gusohokana na we n’utugoma, batamba+. Abacamanza 11:34 Bibiliya y’isi nshasha 34 Amaherezo Yefuta ashika i Mizipa+ i muhira iwe, maze ehe umukobwa wiwe arasohoka kumusanganira avuza akagoma yongera atamba+! Kandi yari umwana umwe rudende. Uretse we, nta muhungu canke umukobwa yari afise. 1 Samweli 18:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Nuko bashitse, Dawidi agarutse avuye kwica Abafilisitiya, abagore batangura gusohoka bavuye mu bisagara vyose vya Isirayeli baririmba+ bongera batamba kugira basanganire Sauli umwami, bafise utugoma+, banezerewe+ kandi bafise ibitari. Zaburi 149:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Nibashemeze izina ryiwe batamba+.Nibamuhibongoreze bavuza akagoma n’inanga+. Zaburi 150:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Nimuyishemeze n’akagoma+ be n’intambo y’umuzingi+.Nimuyishemeze n’imirya+ be n’umwironge+.
20 Hanyuma Miriyamu umuhanuzikazi, mushiki wa Aroni+, atora akagoma mu kuboko kwiwe+; maze abagore bose batangura gusohokana na we n’utugoma, batamba+.
34 Amaherezo Yefuta ashika i Mizipa+ i muhira iwe, maze ehe umukobwa wiwe arasohoka kumusanganira avuza akagoma yongera atamba+! Kandi yari umwana umwe rudende. Uretse we, nta muhungu canke umukobwa yari afise.
6 Nuko bashitse, Dawidi agarutse avuye kwica Abafilisitiya, abagore batangura gusohoka bavuye mu bisagara vyose vya Isirayeli baririmba+ bongera batamba kugira basanganire Sauli umwami, bafise utugoma+, banezerewe+ kandi bafise ibitari.