14 Mu nyuma Musa atuma intumwa ku mwami wa Edomu+ zivuye i Kadeshi, ati: “Ibi ni vyo mwene wanyu Isirayeli+ avuze: ‘Wewe ubwawe urazi amagume yose yadushitseko+.
4 Kandi tegeka abantu uti: “Mugira muce hafi y’umupaka wa bene wanyu+, bene Esawu+, baba i Seyiri+. Bazogira ubwoba kubera mwebwe+, namwe mutegerezwa kuba maso cane.