ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 43:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Nuko Isirayeli se ababwira ati: “Nimba rero ari ukwo biri+, nimukore ibi: Nimutware ibintu vyiza kuruta ibindi vyo mu gihugu mu vyo mutekeramwo, mubimanukanire nya mugabo bwa ngabirano+: umusomozo+ mukeyi n’ubuki+ bukeyi, ibirirarira bimota neza vy’ibimera* n’ibishishwa vy’uburembo+, imise y’ikungu na shakedi*+.

  • Kuvayo 3:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Ndamanutse rero kubarokora mu kuboko kw’Abanyamisiri+, ndabadugane ndabakure muri ico gihugu, ndabajane mu gihugu ciza kandi cagutse, igihugu gitemba amata n’ubuki+, ahantu h’Abanyakanani n’Abaheti n’Abamori n’Abaperizi n’Abahiwi n’Abayebusi+.

  • Gusubira mu vyagezwe 32:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Yagumye amugendesha ku bibanza bikirurutse* vy’isi+,

      Ku buryo yariye ivyamye mw’itongo+.

      Kandi yaguma atuma anunuza ubuki buva mu rutare+,

      N’amavuta ava mu gitandara c’isare+;

  • Imigani 24:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Mwananje, rya ubuki, kuko ari bwiza; kandi ubuki bw’ikimamara busosa nibube mu magage yawe+.

  • Matayo 3:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Mugabo uwo Yohani nyene, ivyambarwa vyiwe vyari ivy’ubwoya bw’ingamiya+, agakenyeza umukanda w’urushato+ mu mafyinga; ibifungurwa vyiwe na vyo vyari inzige+ n’ubuki bwo mw’ishamba+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika