ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abacamanza 17:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Uwo mugabo Mika yari afise inzu y’imana+; atangura rero gukora efodi+ na terafimu*+ no kwuzuza ububasha ukuboko+ kw’umwe mu bahungu biwe, kugira ngo amubere umuherezi+.

  • Abacamanza 18:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Nayo bo, batwara ivyo Mika yari yarahinguye na wa muherezi+ wiwe, babandanya kuja i Layishi+, gutera abantu batekanye kandi ata co binona+. Batangura kubakubitisha ubugi bw’inkota+, igisagara na co bagiha umuriro+.

  • 1 Abami 13:33
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 33 Inyuma y’ico kintu, Yerobowamu ntiyahindukira ngo ave mu nzira yiwe mbi, mugabo asubira gufata abo mu bantu basanzwe abagira abaherezi b’ibibanza bikirurutse+. Nayo uwo vyahimbara wese, Yerobowamu yaruzuza ukuboko kwiwe ububasha+, mu kuvuga ati: “Nabe umwe mu baherezi b’ibibanza bikirurutse.”

  • 2 Ngoma 13:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Mbega ntimwirukanye abaherezi ba Yehova+, bene Aroni, n’Abalewi, kandi vyongeye, mbega ntimuguma mwishiriraho abaherezi nk’abantu bo mu bindi bihugu+? Nayo umuntu wese yaje akishira mw’ibango ry’ubuherezi mu gutanga ikimasa be n’impfizi z’intama indwi, yarabaye umuherezi w’ibitari imana+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika