20 Maze Dawidi arahaguruka ava hasi, aroga yongera yisiga+ amavuta araheza ahindura imitamana yiwe maze aja ku nzu+ ya Yehova, akubita inkoro hasi+; inyuma y’ivyo yinjira mu nzu yiwe maze asaba ibifungurwa, baca bashira umukate imbere yiwe, na we atangura kurya.