ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 3:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Kandi shinga igikorwa+ Yosuwa, umuremeshe wongere umukomeze, kuko ari we azojabuka+ imbere y’aba bantu, kandi ni we azotuma batorana igihugu uza kubona+.’

  • Nehemiya 2:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Hanyuma ndababwira ivy’ukuboko+ kw’Imana yanje, ingene kwabaye kwiza kuri jewe+, ndababwira n’ivy’amajambo y’umwami+, ayo yari yambwiye. Baca bavuga bati: “Duhaguruke, twubake.” Nuko bakomeza amaboko yabo ku bw’ico gikorwa ciza+.

  • Yobu 16:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  5 Nari kubakomeza n’amajambo y’akanwa kanje+,

      Kandi ukwirura kw’iminwa yanje kwotururuje . . .

  • Imigani 17:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Umugenzi nyakuri akundana igihe cose+, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa+.

  • Imigani 27:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Amavuta n’imibavu*+ ni vyo binezereza umutima, n’ubusose bw’umugenzi w’umuntu ni ko bumera kubera impanuro yo mu mutima+.

  • Luka 22:32
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 Mugabo natakamvye+ ku bwawe kugira ngo ukwizera kwawe ntikudegere; nawe, niwamara kugaruka, ukomeze+ bene wanyu.”

  • Ivyakozwe 15:32
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 Hanyuma Yuda na Silasi, kubera yuko na bo nyene ubwabo bari abahanuzi+, baremesha bene wacu n’insiguro nyinshi bongera barabakomeza+.

  • Abaheburayo 10:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 tudaheba kwa gukoranira hamwe kwacu+, nk’uko bamwe babimenyereye, mugabo turemeshanya+, kandi birushirize kumera gutyo uko mubona wa musi wegereza+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika