1 Samweli 12:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Nuko abantu bose batangura kubwira Samweli bati: “Nusengere+ abasuku bawe kuri Yehova Imana yawe, kuko tudashaka gupfa; kubera yuko twongeye ikibi ku bicumuro vyacu vyose mu kwisabira umwami.” Zaburi 78:34 Bibiliya y’isi nshasha 34 Igihe cose yabica, ni ko na bo babaza ivyayo+,Bakagaruka, bakarondera Imana+. Zaburi 86:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Ku musi w’amarushwa yanje ni wewe nzokwambaza+,Kuko uzonyishura+. Yesaya 37:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Hari aho Yehova Imana yawe yokwumva amajambo yose ya Rabushake+, uwo umwami wa Ashuri umukama wiwe yatumye gucokora+ Imana nzima, maze akagira ico amubaza koko ku bw’amajambo Yehova Imana yawe yumvise+. Uture isengesho+ ku bw’amasigarira asigaye+.’”
19 Nuko abantu bose batangura kubwira Samweli bati: “Nusengere+ abasuku bawe kuri Yehova Imana yawe, kuko tudashaka gupfa; kubera yuko twongeye ikibi ku bicumuro vyacu vyose mu kwisabira umwami.”
4 Hari aho Yehova Imana yawe yokwumva amajambo yose ya Rabushake+, uwo umwami wa Ashuri umukama wiwe yatumye gucokora+ Imana nzima, maze akagira ico amubaza koko ku bw’amajambo Yehova Imana yawe yumvise+. Uture isengesho+ ku bw’amasigarira asigaye+.’”