2 Nuko Sauli yitorera abagabo ibihumbi bitatu muri Isirayeli; ibihumbi bibiri bari kumwe na Sauli i Mikimashi+ no mu karere k’imisozi ka Beteli, igihumbi na bo bakaba bari kumwe na Yonatani+ i Gibeya+ ha Benyamini; abantu basigaye arabarungika, umwe wese kw’ihema ryiwe.