ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 15:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Kuri uwo musi Yehova agirana na Aburamu isezerano+, avuga ati: “Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu+, kuva ku ruzi rwa Misiri gushika kuri rwa ruzi runini, uruzi Efurate+:

  • Kuvayo 23:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 “Kandi nzoshinga urubibe rwawe guhera ku kiyaga Gitukura gushika ku kiyaga c’Abafilisitiya, no guhera ku gahinga gushika kuri rwa Ruzi+; kuko nzotanga mu kuboko kwanyu ababa mu gihugu, nawe uzobirukana vy’ukuri bakuve imbere+.

  • Gusubira mu vyagezwe 11:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Ahantu hose ubworo bw’ikirenge canyu buzohonyora hazocika rwanyu+. Kuva ku gahinga gushika i Libani, kuva kuri rwa Ruzi, uruzi Efurate, gushika ku kiyaga co mu burengero, ni ho urubibe rwanyu ruzoshika+.

  • 2 Samweli 8:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Siriya y’i Damasiko+ ije gutabara Hadadezeri umwami wa Zoba, Dawidi aca asasika mu Basiriya abagabo ibihumbi mirongo ibiri na bibiri+.

  • 1 Abami 4:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Nayo Salomo, yari umutware aganza ubwami bwose, kuva kuri rwa Ruzi+ gushika mu gihugu c’Abafilisitiya no gushika ku rubibe rwa Misiri. Barazanira Salomo ingabirano bakongera bakamukorera mu misi yose y’ubuzima bwiwe+.

  • Zaburi 72:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  8 Azogira abatwarwa kuva ku kiyaga gushika ku kindi+,

      No kuva kuri rwa Ruzi+ gushika ku mpera z’isi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika