10Adoni-zedeki umwami wa Yeruzalemu akimara kwumva ko Yosuwa yari yafashe Ayi+ maze akahatikiza+, yuko uko nyene yari yagiriye Yeriko+ n’umwami+ waho ari ko yari yagiriye Ayi n’umwami waho+, be n’uko ababa i Gibeyoni bari bagiriraniye amahoro na Isirayeli+, bakaba babandanya kuba hagati muri bo,
8 Bari hafi y’ibuye rinini riri i Gibeyoni+, Amasa+ aza kubasanganira. Ico gihe Yowabu yari akenyeye, yambaye impuzu; kandi yari akenyeye inkota iboheye mu mafyinga, iri mu rwubati rwayo. Nuko yegera imbere, maze irasokoka irakoroka.
3 Maze Salomo ari kumwe n’ishengero ryose baja ku kibanza gikirurutse* cari i Gibeyoni+; kuko ng’aho ari ho hari ihema ry’ihuriro+ ry’Imana y’ukuri, iryo Musa umusavyi+ wa Yehova yari yarakoreye mu gahinga.
21 Kuko Yehova azohaguruka nko ku musozi Perazimu+, azohagarika umutima nko muri ca kiyaya co hasi hafi ya Gibeyoni+, kugira ngo yikorere ikintu—ikintu yikorera ni agatangaza—no kugira ngo akore igikorwa ciwe—igikorwa ciwe si igisanzwe+.