ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yosuwa 10:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Adoni-zedeki umwami wa Yeruzalemu akimara kwumva ko Yosuwa yari yafashe Ayi+ maze akahatikiza+, yuko uko nyene yari yagiriye Yeriko+ n’umwami+ waho ari ko yari yagiriye Ayi n’umwami waho+, be n’uko ababa i Gibeyoni bari bagiriraniye amahoro na Isirayeli+, bakaba babandanya kuba hagati muri bo,

  • Yosuwa 10:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Maze Yosuwa avugana na Yehova ku musi Yehova yagabura Abamori kuri bene Isirayeli, avugira mu maso ya Isirayeli ati:

      “Zuba+, hagarara hejuru ya Gibeyoni+,

      Nawe kwezi, hagarara hejuru y’ikiyaya co hasi ca Ayaloni+.”

  • Yosuwa 18:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Gibeyoni+ na Rama na Beyeroti,

  • Yosuwa 21:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Mu muryango wa Benyamini hatangwa Gibeyoni+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho, Geba+ n’itongo ry’uburagiriro ryaho,

  • 2 Samweli 20:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Bari hafi y’ibuye rinini riri i Gibeyoni+, Amasa+ aza kubasanganira. Ico gihe Yowabu yari akenyeye, yambaye impuzu; kandi yari akenyeye inkota iboheye mu mafyinga, iri mu rwubati rwayo. Nuko yegera imbere, maze irasokoka irakoroka.

  • 1 Abami 3:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Aho i Gibeyoni, Yehova abonekera+ Salomo mu ndoto+ mw’ijoro; hanyuma Imana ivuga iti: “Saba ico ugomba ndakiguhe+.”

  • 1 Ngoma 14:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Dawidi agira rero nk’uko Imana y’ukuri yari yamutegetse+, basasika ikambi y’Abafilisitiya kuva i Gibeyoni+ gushika i Gezeri+.

  • 2 Ngoma 1:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Maze Salomo ari kumwe n’ishengero ryose baja ku kibanza gikirurutse* cari i Gibeyoni+; kuko ng’aho ari ho hari ihema ry’ihuriro+ ry’Imana y’ukuri, iryo Musa umusavyi+ wa Yehova yari yarakoreye mu gahinga.

  • Yesaya 28:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Kuko Yehova azohaguruka nko ku musozi Perazimu+, azohagarika umutima nko muri ca kiyaya co hasi hafi ya Gibeyoni+, kugira ngo yikorere ikintu—ikintu yikorera ni agatangaza—no kugira ngo akore igikorwa ciwe—igikorwa ciwe si igisanzwe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika