ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 21:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Mugabo abanyagihugu bica abantu bose bari bagīriye Umwami Amoni umugambi mubi+. Maze abanyagihugu bimika Yosiya+ umuhungu wiwe ngo abe umwami mu kibanza ciwe.

  • 2 Abami 22:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Yosiya+ yari afise imyaka umunani igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka mirongo itatu n’umwe aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yedida umukobwa wa Adaya w’i Bozikati+.

  • 2 Abami 23:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Vyongeye, igicaniro cari i Beteli+, ikibanza gikirurutse cari carakozwe na Yerobowamu+ mwene Nebati, umwe yacumuza Isirayeli+, egome, ico gicaniro n’ico kibanza gikirurutse abisiturira hasi. Maze aturira ico kibanza gikirurutse; aragisya kiba umukungugu yongera aturira nya gikingi ceranda.

  • 2 Abami 23:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Mu misi yiwe, Farawo Neko+ umwami wa Misiri aduga ku mwami wa Ashuri iruhande y’uruzi Efurate+, maze Umwami Yosiya aja guhura na we+; mugabo Farawo Neko amwicira+ i Megido+ akimara kumubona.

  • 2 Ngoma 34:33
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 33 Inyuma y’ivyo, Yosiya akura ibintu biteye ishishi+ vyose mu bihugu vyose vyegukira bene Isirayeli+, kandi atuma ababa muri Isirayeli bose batangura igikorwa, kugira ngo bakorere Yehova Imana yabo. Mu misi yiwe yose ntibakevya ngo bareke gukurikira Yehova Imana ya ba sekuruza babo+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika