ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 28:36
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 36 Yehova azogushorera+, wewe n’umwami+ uzoba wimitse ngo akuganze, uje mw’ihanga utamenye, yaba wewe canke ba sogokuruza bawe; kandi hiyo uzokorera izindi mana, z’ibiti n’amabuye+.

  • 2 Abami 17:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Mu mwaka ugira icenda wa Hosheya, umwami wa Ashuri afata Samariya+ maze ajana Isirayeli mu bunyagano+ i Ashuri; abashira i Hala+ n’i Habori, iruhande y’uruzi Gozani+ no mu bisagara vy’Abamedi+ ngo babeyo.

  • 2 Abami 25:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Maze umwami wa Babiloni arabagarika+, abicira i Ribula mu gihugu ca Hamati+. Gutyo Yuda ija mu bunyagano ivuye ku butaka bwayo+.

  • Daniyeli 9:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Ewe Yehova, ufise ubugororotsi, mugabo twebwe dufise ibimaramare ku maso yacu nk’uko biri uyu musi+, twe n’abagabo ba Yuda n’ababa i Yeruzalemu be n’abo muri Isirayeli bose, abari hafi be n’abari kure mu bihugu vyose wabashwiragijemwo kubera ubuhemu bwabo bakugiriye+.

  • Luka 21:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 kandi bazoririkwa n’ubugi bw’inkota bongere batwarwe ari imbohe mu mahanga yose+; kandi Yeruzalemu hazohonyangwa n’amahanga, kugeza ibihe vyashinzwe+ vy’amahanga birangutse.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika