ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 29:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Maze bazovuga ngo: ‘Ni kubera bataye isezerano+ rya Yehova Imana ya ba sekuruza babo, iryo yagiranye na bo igihe yabakura mu gihugu ca Misiri+.

  • 2 Abami 17:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 babandanya guta ingingo nyobozi ziwe n’isezerano+ ryiwe yari yaragiranye na ba sekuruza babo n’ivyibutsa+ vyiwe yari yarakoresheje mu kubaburira, hanyuma batangura gukurikira ibigirwamana vy’imburakimazi+ maze ubwabo bacika imburakimazi+, egome, mu kwigana amahanga yari irya n’ino yabo, ayo Yehova yari yarabategetse ku biyerekeye ngo ntibaze bakore nka yo+.

  • Nehemiya 9:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 “Ariko baragambaraye+, barakugarariza+, baguma bashiburira itegeko ryawe inyuma yabo+, kandi bica abahanuzi bawe+ bashinze intahe babagiriza kugira babagarukane kuri wewe+; babandanya gukora ibikorwa vy’akagaye gakomeye+.

  • Yeremiya 34:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Nzotanga abantu baca kubiri n’isezerano ryanje+, mu buryo bw’uko batashikije amajambo y’isezerano bapfunditse imbere yanje bakoresheje ya nyana bahimburamwo kubiri+ kugira ngo bace hagati y’ibipande vyayo+;

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika