21 Umwami Zedekiya atanga rero itegeko, maze bashira Yeremiya aho acungirwa mu Kigo c’Abarinzi+; nuko baza baramuha ku musi ku musi agakate k’umuzingi kavuye kw’ibarabara ry’abakora igikorwa co kwotsa+, gushika imikate yose iheze mu gisagara+. Yeremiya abandanya kuba mu Kigo c’Abarinzi+.
2 “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Uwuzoguma muri iki gisagara ni we azokwicwa n’inkota+, n’ikigoyi+ be n’ikiza+. Mugabo uwuzosohoka akaja ku Bakaludaya ni we azobandanya kubaho; azonyaga amagara yiwe, abeho+.’
15 Inkota+ iri hanze, ikiza n’ikigoyi na vyo bikaba imbere+. Uwo wese ari mu gahinga, azokwicwa n’inkota; abo bose bari mu gisagara, ikigoyi n’ikiza bizobarotsa+.
21 “Kuko ibi ari vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ukwo nyene ni ko bizomera nihaba za manza zanje zine z’ubugesera+—inkota n’ikigoyi n’igikoko kiryana be n’ikiza+—izo nzorungika vy’ukuri kuri Yeruzalemu kugira ngo ndaharandure icitwa umuntu yakuwe mw’ivu be n’igitungwa+.