ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 37:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Umwami Zedekiya atanga rero itegeko, maze bashira Yeremiya aho acungirwa mu Kigo c’Abarinzi+; nuko baza baramuha ku musi ku musi agakate k’umuzingi kavuye kw’ibarabara ry’abakora igikorwa co kwotsa+, gushika imikate yose iheze mu gisagara+. Yeremiya abandanya kuba mu Kigo c’Abarinzi+.

  • Yeremiya 38:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Uwuzoguma muri iki gisagara ni we azokwicwa n’inkota+, n’ikigoyi+ be n’ikiza+. Mugabo uwuzosohoka akaja ku Bakaludaya ni we azobandanya kubaho; azonyaga amagara yiwe, abeho+.’

  • Gucura intimba 4:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  4 Ururimi rw’umwana yonka rwamase ku magage yiwe kubera inyota+.

      Abana basavye umukate+. Nta n’umwe awubaha+.

  • Ezekiyeli 5:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Ica gatatu cawe, bazokwicwa n’ikiza+, barangizwe n’ikigoyi hagati muri wewe+. Ica gatatu kindi, bazogwishwa n’inkota irya n’ino yawe. Ica gatatu ca nyuma na co, nzogisanzariza mu miyaga yose+, kandi inkota ni yo nzosokora inyuma yabo+.

  • Ezekiyeli 7:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Inkota+ iri hanze, ikiza n’ikigoyi na vyo bikaba imbere+. Uwo wese ari mu gahinga, azokwicwa n’inkota; abo bose bari mu gisagara, ikigoyi n’ikiza bizobarotsa+.

  • Ezekiyeli 14:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 “Kuko ibi ari vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ukwo nyene ni ko bizomera nihaba za manza zanje zine z’ubugesera+—inkota n’ikigoyi n’igikoko kiryana be n’ikiza+—izo nzorungika vy’ukuri kuri Yeruzalemu kugira ngo ndaharandure icitwa umuntu yakuwe mw’ivu be n’igitungwa+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika