26Nuko haduka ikigoyi mu gihugu, uretse ca kigoyi ca mbere caba mu misi ya Aburahamu+, ku buryo Izahaki agenda yerekeza i Gerari+ kwa Abimeleki, umwami w’Abafilisitiya.
4 Inyuma y’ivyo babwira Farawo bati: “Twaje kuba mu gihugu turi ba kavamahanga+, kuko ata buragiriro buhari ku bw’umukuku abasavyi bawe bafise+, kuko ikigoyi gikaze mu gihugu ca Kanani+. None rero turakwingize ureke abasavyi bawe babe mu gihugu ca Gosheni+.”
1Nuko mu misi abacamanza+ bashitsa ubutungane, ikigoyi+ kiratera mu gihugu, maze umugabo umwe ava i Betelehemu+ muri Yuda kugira aje kuba mu turere twa Mowabu+ ari kavamahanga, we hamwe n’umugore wiwe n’abahungu biwe babiri.