28 Nayo ibisigaye mu vya Yerobowamu n’ivyo yakoze vyose be n’ubushobozi bwiwe, ingene yarwanye n’ingene yasubije Damasiko+ na Hamati+ kuri Yuda muri Isirayeli, none ntivyanditswe mu gitabu c’ivyo mu misi y’abami ba Isirayeli?
5 Ku bw’ivyo Yehova Imana yiwe amutanga mu kuboko+ kw’umwami wa Siriya+, ku buryo bamukubita, bagakura iwe imbohe nyinshi bakazijana i Damasiko+. Vyongeye, atangwa mu kuboko kw’umwami wa Isirayeli+, ku buryo amukubitisha ugusasika gukomeye.