25 Muri ico gihe, ashira Abalewi+ mu nzu ya Yehova, bafise ivyuma bisāma+ n’ibicurarangisho vy’imirya+ n’inanga+, nk’uko vyategetswe na Dawidi+ na Gadi+ umubonyi w’umwami be na Natani+ umuhanuzi, kuko iryo bwirizwa ryari ryatanzwe n’ukuboko kwa Yehova biciye ku bahanuzi biwe+.