2 Yari afise umuhungu yitwa Sauli+, w’umukangara kandi mwiza; nta muntu n’umwe muri bene Isirayeli yamurusha ubwiza; kuva ku bitugu vyiwe kuduga yari muremure kuruta abantu bose+.
11 Abari bamuzi bose bamubonye, babona yariko avuga ubuhanuzi ari kumwe n’abahanuzi. Nuko abantu babwirana bati: “Ibi ni ibiki vyashikiye mwene Kishi? Mbega Sauli na we ari mu bahanuzi+?”
23 kuko ubugarariji+ ari cokimwe n’igicumuro c’ukuragura+, kandi ukwitanganiza wita imbere kukaba cokimwe no gukoresha ububasha bw’ivy’amageza na terafimu*+. Ko wanse ijambo rya Yehova+, na we arakwanse ngo ntubandanye kuba umwami+.”