ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 9:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Yari afise umuhungu yitwa Sauli+, w’umukangara kandi mwiza; nta muntu n’umwe muri bene Isirayeli yamurusha ubwiza; kuva ku bitugu vyiwe kuduga yari muremure kuruta abantu bose+.

  • 1 Samweli 10:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Abari bamuzi bose bamubonye, babona yariko avuga ubuhanuzi ari kumwe n’abahanuzi. Nuko abantu babwirana bati: “Ibi ni ibiki vyashikiye mwene Kishi? Mbega Sauli na we ari mu bahanuzi+?”

  • 1 Samweli 11:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Abantu bose rero baja i Gilugali, bimikira Sauli imbere ya Yehova aho i Gilugali. Hanyuma batangira ibimazi vy’ugusangira ng’aho imbere ya Yehova+; nuko Sauli n’abagabo ba Isirayeli bose bahagirira umunezero mwinshi+.

  • 1 Samweli 14:47
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 47 Nuko Sauli akomeza ingoma yiwe kuri Isirayeli+; atangura kurwanya abansi biwe bose irya n’ino, arwanya Mowabu+ na bene Amoni+ na Edomu+ n’abami ba Zoba+ n’Abafilisitiya+; kandi aho yahindukirira hose yarahashitsako urubanza+.

  • 1 Samweli 15:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 kuko ubugarariji+ ari cokimwe n’igicumuro c’ukuragura+, kandi ukwitanganiza wita imbere kukaba cokimwe no gukoresha ububasha bw’ivy’amageza na terafimu*+. Ko wanse ijambo rya Yehova+, na we arakwanse ngo ntubandanye kuba umwami+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika