ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 11:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Abantu bose rero baja i Gilugali, bimikira Sauli imbere ya Yehova aho i Gilugali. Hanyuma batangira ibimazi vy’ugusangira ng’aho imbere ya Yehova+; nuko Sauli n’abagabo ba Isirayeli bose bahagirira umunezero mwinshi+.

  • 1 Samweli 13:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Samweli aca abwira Sauli ati: “Wakoze ivy’ubupfu+. Ntiwagumije ibwirizwa+ rya Yehova Imana yawe, iryo yagutegetse+, kuko iyo uba warigumije, Yehova yoshimangiye ubwami bwawe kuri Isirayeli gushika igihe kitagira urugero.

  • 1 Samweli 15:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Mugabo Samweli abwira Sauli ati: “Sinsubirana inyuma nawe, kuko wanse ijambo rya Yehova, Yehova na we arakwanse ngo ntubandanye kuba umwami aganza Isirayeli+.”

  • 1 Samweli 16:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Ibi rero ni vyo vyaba: impwemu y’Imana ije kuri Sauli, Dawidi yaca atora inanga akayivuza n’ukuboko kwiwe; ivyo vyatuma Sauli aruhurirwa, bikamugendera neza, maze nya mpwemu mbi ikamuvako+.

  • 1 Samweli 28:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Amaherezo Sauli abwira abasuku biwe ati: “Nimundonderere umugore yakanongoreye mu vyo kuvugana n’ibiremwa vy’impwemu+, nzoheza ngende iwe ndamusiguze.” Nuko abasuku biwe bamubwira bati: “Urazi! Hariho umugore yakanongoreye mu vyo kuvugana n’ibiremwa vy’impwemu i Eni-dori+.”

  • 1 Samweli 31:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Nuko Sauli abwira uwumutwaza ibirwanisho ati: “Sokora inkota yawe+ uyinsogote, kugira ngo abo bagabo batagenyerewe+ ntibaze, ngo bantobekeranye koko, bangirire ivy’agashinyaguro.” Mugabo uwumutwaza ibirwanisho aranka+, kuko yatinye cane. Nuko Sauli afata inkota, ayīsukako+.

  • 2 Samweli 1:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Sauli na Yonatani+ bari abantu bo gukundwa bakaba n’abahimbaye mu buzima bwabo,

      Kandi mu rupfu rwabo ntibatandukanijwe+.

      Banyaruka kurusha inkona+,

      Bari bakomeye kurusha intambwe+.

  • Ivyakozwe 13:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Mugabo kuva ico gihe basaba umwami+, Imana iraheza ibaha Sauli mwene Kishi, umugabo wo mu muryango wa Benyamini+, mu myaka mirongo ine.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika