Guharura 27:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 azosohoka imbere yabo akongera akinjira imbere yabo, azobasohora akongera akabinjiza+, kugira ngo ikoraniro rya Yehova ntiribe nk’intama zitagira umwungere+.” 1 Samweli 18:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Nuko bashitse, Dawidi agarutse avuye kwica Abafilisitiya, abagore batangura gusohoka bavuye mu bisagara vyose vya Isirayeli baririmba+ bongera batamba kugira basanganire Sauli umwami, bafise utugoma+, banezerewe+ kandi bafise ibitari. 1 Samweli 18:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Nuko Sauli amukura iruhande yiwe+ maze amugena kumubera umukuru w’igihumbi; kandi Dawidi yama aja ku rugamba akongera akagaruka ari imbere y’abantu+.
17 azosohoka imbere yabo akongera akinjira imbere yabo, azobasohora akongera akabinjiza+, kugira ngo ikoraniro rya Yehova ntiribe nk’intama zitagira umwungere+.”
6 Nuko bashitse, Dawidi agarutse avuye kwica Abafilisitiya, abagore batangura gusohoka bavuye mu bisagara vyose vya Isirayeli baririmba+ bongera batamba kugira basanganire Sauli umwami, bafise utugoma+, banezerewe+ kandi bafise ibitari.
13 Nuko Sauli amukura iruhande yiwe+ maze amugena kumubera umukuru w’igihumbi; kandi Dawidi yama aja ku rugamba akongera akagaruka ari imbere y’abantu+.