1 Ngoma 29:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Ubutunzi+ n’ubuninahazwa+ biriho kubera wewe, kandi uganza vyose+; mu kuboko kwawe hari ububasha+ n’ubushobozi+, kandi mu kuboko kwawe hari ubushobozi bwo gutuma bose baba abahambaye+ n’ubwo kubaha inkomezi+. Zaburi 62:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Imana yavuze rimwe, kabiri numvise ibi+:Yuko inkomezi ari iz’Imana+. Yesaya 14:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 Kuko Yehova nyen’ingabo ubwiwe yabishinze+: none ni nde yobisambura+? Ukuboko kwiwe kuraramvuye: none ni nde yogusubiza inyuma+? Yesaya 40:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Raba! Amahanga ni nk’ima ryo mu ndobo; kandi afatwa nk’agakungugu gafashe ku munzane+. Raba! Aterura amazinga+ ubwayo nk’umukungugu unoze. Daniyeli 4:35 Bibiliya y’isi nshasha 35 Ababa kw’isi bose babonwa nk’ubusa gusa+, kandi akora uko yigombera mu ngabo zo mu majuru no mu baba kw’isi+. Kandi nta n’umwe ariho yotangira ukuboko kwiwe+, canke yomubwira ngo: ‘Wakoze iki+?’
12 Ubutunzi+ n’ubuninahazwa+ biriho kubera wewe, kandi uganza vyose+; mu kuboko kwawe hari ububasha+ n’ubushobozi+, kandi mu kuboko kwawe hari ubushobozi bwo gutuma bose baba abahambaye+ n’ubwo kubaha inkomezi+.
27 Kuko Yehova nyen’ingabo ubwiwe yabishinze+: none ni nde yobisambura+? Ukuboko kwiwe kuraramvuye: none ni nde yogusubiza inyuma+?
15 Raba! Amahanga ni nk’ima ryo mu ndobo; kandi afatwa nk’agakungugu gafashe ku munzane+. Raba! Aterura amazinga+ ubwayo nk’umukungugu unoze.
35 Ababa kw’isi bose babonwa nk’ubusa gusa+, kandi akora uko yigombera mu ngabo zo mu majuru no mu baba kw’isi+. Kandi nta n’umwe ariho yotangira ukuboko kwiwe+, canke yomubwira ngo: ‘Wakoze iki+?’