Imigani 10:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Ukwibukwa kw’umugororotsi kuvamwo umuhezagiro+, ariko izina ry’ababisha rizobora+. Imigani 11:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Kubera ukumera neza kw’abagororotsi, igisagara akamwemwe karagisya+, mugabo iyo ababisha bayogeye haraba akamo k’umunezero+. Imigani 29:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Iyo abagororotsi babaye benshi, abantu baranezerwa+; mugabo iyo umubisha aganje, abantu baraniha+. Umusiguzi 8:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Mugabo, naho ivyo ari ko biri, narabonye ababisha bahambwa+, ingene baza n’ingene bagenda bavuye ahantu heranda+, maze bakibagirwa mu gisagara bakoreyemwo ivyo+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa. Yeremiya 22:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 “Ibi rero ni vyo Yehova avuze kuri Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami wa Yuda: ‘Ntibazomuborogera ngo: “Yoo, mwene wacu! Yoo, mushikanje!” Ntibazomuborogera ngo: “Yoo, databuja! Yoo, teka ryiwe+!”
10 Kubera ukumera neza kw’abagororotsi, igisagara akamwemwe karagisya+, mugabo iyo ababisha bayogeye haraba akamo k’umunezero+.
10 Mugabo, naho ivyo ari ko biri, narabonye ababisha bahambwa+, ingene baza n’ingene bagenda bavuye ahantu heranda+, maze bakibagirwa mu gisagara bakoreyemwo ivyo+. Ivyo na vyo nyene ni ubusa.
18 “Ibi rero ni vyo Yehova avuze kuri Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami wa Yuda: ‘Ntibazomuborogera ngo: “Yoo, mwene wacu! Yoo, mushikanje!” Ntibazomuborogera ngo: “Yoo, databuja! Yoo, teka ryiwe+!”