ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 32:35
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 35 Uguhōra ni ukwanje, n’uguhemba ni ukwanje+.

      Igihe nicagera ikirenge cabo kizogenda kiradandabagirana+,

      Kuko umusi w’ivyago vyabo uri hafi+

      Kandi ibiteguriwe kubashikira biranyaragasa+.’

  • Abacamanza 14:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Ariko se na nyina ntibari bazi ko ivyo vyari bivuye kuri Yehova+, ko yarondera akaryo ko gutera Abafilisitiya, kuko ico gihe nyene Abafilisitiya baganza Isirayeli+.

  • 1 Samweli 2:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  6 Yehova ni Uwica akaba n’Uwuzigama ubuzima+,

      Uwumanura mu kuzimu*+ akaba n’Uwukurayo+.

  • 2 Ngoma 10:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Nuko umwami ntiyumviriza abantu; kuko iryo ryari ihinduka ry’ibintu rivuye ku Mana y’ukuri+, kugira ngo Yehova ashitse ijambo ryiwe+ yari yarabwiye Yerobowamu mwene Nebati+ biciye kuri Ahiya+ Umunyashilo+.

  • Zaburi 9:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Yehova amenyekanira ku rubanza yashikije+.

      Umubisha afashwe n’igikorwa c’amaboko yiwe+.

      Higayoni*. Sela.

  • Amosi 3:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Iyo havugijwe inzamba mu gisagara, mbega abantu ntibaca bajugumira+? Iyo hashitse ivyago mu gisagara, mbega Yehova si we none aba akoze ikintu?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika