14 Maze Abusalomu n’abagabo ba Isirayeli bose bavuga bati: “Impanuro ya Hushayi Umwaruki ni nziza+ kuruta impanuro ya Ahitofeli!” Kandi Yehova ubwiwe yari yaratanze itegeko+ ryo kwica impanuro+ ya Ahitofeli naho ari nziza+, kugira ngo Yehova azane ivyago+ kuri Abusalomu.
10 Mumenye rero ko ata na kimwe mw’ijambo rya Yehova kizokorokera hasi kitarangutse+ mu vyo Yehova yavuze ku nzu ya Ahabu+; kandi Yehova ubwiwe akoze ivyo yavuze biciye ku musavyi wiwe Eliya+.”
11 ni ko n’ijambo ryanje riva mu kanwa kanje rizomera+. Ntirizogaruka kuri jewe hatagize ikivamwo+, mugabo rizokora koko icampimbaye+, kandi ata kabuza rizororanirwa mu co naritumye+.