ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 9:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 “‘Kandi mu gihe kavamahanga yoba abana namwe ari kavamahanga, na we nyene aze ategurire Yehova ikimazi ca pasika+. Azobigira yisunze icagezwe ca pasika be n’ukuntu ivyaco bisanzwe bigirwa+. Hakwiye kubaho icagezwe kimwe kuri mwebwe, haba kuri kavamahanga canke ku mvukira y’igihugu+.’”

  • Yosuwa 9:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Uwo musi rero Yosuwa abagira+ abashenyi b’inkwi n’abavomyi b’amazi b’ikoraniro+ n’igicaniro ca Yehova gushika n’uyu musi, ahantu yohisemwo+.

  • Yesaya 56:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 “Abanyamahanga bifatanije na Yehova ngo bamusukurire+ kandi ngo bakunde izina rya Yehova+, kugira ngo bamubere abasavyi, abubahiriza isabato bose kugira ngo ntibayihumanye kandi bakagumya isezerano ryanje+,

  • Yohani 12:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Ico gihe hari Abagiriki+ bamwe mu bari baduze gusenga ku musi mukuru.

  • Ivyakozwe 8:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Kuri ivyo arahaguruka aragenda, maze, ehe inkone*+ y’Umunyetiyopiya+, umuntu w’ububasha yakorera Kanidake umwamikazi w’Abanyetiyopiya, akaba kandi ari we yari ashinzwe itunga ryiwe ryose. Yari yagiye i Yeruzalemu gusenga+,

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika