ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 5:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Iyaba botsimbataje uyo mutima wabo bakantinya+ kandi bakagumya amabwirizwa yanje+ yose nantaryo, kugira ngo bibagendere neza n’abana babo gushika igihe kitagira urugero*+!

  • 1 Samweli 7:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Samweli abwira inzu ya Isirayeli yose ati: “Nimba mugarutse kuri Yehova+ n’umutima wanyu wose, nimukure imana z’inyamahanga hagati muri mwebwe+ be n’ibishusho vya Ashitoreti+, maze mwerekeze umutima wanyu kuri Yehova ata gukevya kandi mumukorere wenyene+, na we azobarokora mu kuboko kw’Abafilisitiya+.”

  • 1 Abami 18:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Maze Eliya yegera abantu bose hanyuma avuga ati: “Muzogeza ryari gucumbagira ku vyiyumviro bibiri bitandukanye+? Nimba Yehova ari we Mana y’ukuri, nimumukurikire+; nimba na ho ari Bayali, nimuyikurikire.” Abantu ntibagira ijambo bamwishura.

  • Mariko 12:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 kandi utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose n’inkomezi zawe zose+.’

  • Abaroma 12:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Urukundo+ rwanyu ntirubemwo ubwiyorobetsi+. Muzinukwe ikibi+, mwumire ku ciza+.

  • Yakobo 5:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Namwe nyene mwihangane+; mushikamishe imitima yanyu, kuko ukuhaba kw’Umukama kwegereje+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika