ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Ngoma 14:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Asa atangura rero kwambaza Yehova Imana yiwe+ ati: “Ewe Yehova, ku bijanye no gutabara, nturaba ngo hari abantu benshi canke ngo hari abadafise inkomezi+. Dufashe, ewe Yehova Mana yacu, kuko ari wewe twishimikije+, kandi mw’izina ryawe+ ni ho tuje kurwanya iri sinzi. Ewe Yehova, uri Imana yacu+. Umuntu buntu* ntakurushe inkomezi+.”

  • 2 Ngoma 18:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Nya bakuru b’imikogote bakimara kubona Yehoshafati, bibwira bati: “Ni umwami wa Isirayeli+.” Barahindukira rero kugira bamurwanye; maze Yehoshafati atangura gutabaza+, Yehova na we ubwiwe aramufasha+, Imana ica ibakwegakwegera kure yiwe+.

  • Zaburi 46:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 46 Imana ni ubuhungiro n’inkomezi vyacu+,

      Ikaba n’imfashanyo yoroshe kuronka mu gihe c’amarushwa+.

  • Zaburi 50:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Numpamagare ku musi w’amarushwa+.

      Nzogutabara, nawe uzoninahaza+.”

  • Zaburi 118:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Bankikuje nk’inzuki+;

      Bazimijwe nk’umuriro w’ibisaka vy’amahwa+.

      Mw’izina rya Yehova ni ho nabagumiza kure+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika