22 Kuko vyanteye isoni gusaba umwami inteko za gisirikare+ n’abagendera ku mafarasi+ bo kudufasha kurwanya umwansi mu nzira, kubera ko twari twabwiye umwami duti: “Ukuboko+ kw’Imana yacu kuri ku bayirondera bose ngo ibagirire neza+, mugabo inkomezi zayo n’ishavu ryayo+ birwanya abayiheba bose+.”