ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 21:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 kubera ko bakoze ivyari bibi mu maso yanje, bakaguma bambabaza kuva umusi ba sekuruza bava mu Misiri gushika n’uyu musi+.’”

  • 2 Ngoma 34:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 kubera ko bampevye+ bakaja gufumbishiriza umwotsi w’ibimazi izindi mana+, kugira ngo bambabarishe+ ibikorwa vyose vy’amaboko yabo+. Ku bw’ivyo, ubushangashirwe bwanje+ buzosukwa aha hantu, ntibuzime+.’”

  • Nehemiya 9:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 “Ariko baragambaraye+, barakugarariza+, baguma bashiburira itegeko ryawe inyuma yabo+, kandi bica abahanuzi bawe+ bashinze intahe babagiriza kugira babagarukane kuri wewe+; babandanya gukora ibikorwa vy’akagaye gakomeye+.

  • Yesaya 59:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Oya, ahubwo amakosa yanyu ni yo yabaye ibibatandukanya n’Imana yanyu+, kandi ibicumuro vyanyu ni vyo vyatumye muhishwa mu maso hayo ngo ntiyumve+.

  • Yeremiya 5:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Vy’ukuri, abahanuzi bavuga ubuhanuzi mu kinyoma+; nayo abaherezi, bakandamiza abantu bisunze ububasha bwabo+. Kandi abantu banje bakunze ko biba gutyo+; none muzogira mute kw’iherezo ryavyo+?”

  • Daniyeli 9:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 twaracumuye+, dukora ibitari vyo, dukora ivy’ububisha, turagarariza+; twarakebeje tuva ku mabwirizwa yawe no ku ngingo zawe z’ubutungane*+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika