14 Abagabo b’inararibonye+ b’Abayuda baguma bubaka+ bongera batera imbere kubera amajambo y’ubuhanuzi ya Hagayi+ umuhanuzi na Zekariya+ umwuzukuru wa Ido+, barayubaka barayirangiza bivuye kw’itegeko ry’Imana ya Isirayeli+ no kw’itegeko rya Kuro+ na Dariyo+ na Aritazeruzi+ umwami w’Ubuperesi.