Itanguriro 18:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Kuko namenyanye na we kugira ategeke abahungu biwe n’urugo rwiwe mu nyuma ziwe, ku buryo bazogumya inzira ya Yehova kugira bashitse ubugororotsi n’ubutungane+; kugira Yehova ashitse koko kuri Aburahamu ivyo yavuze ku bimwerekeye+.” Zaburi 112:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Uruvyaro rwiwe ruzogira inkomezi mw’isi+. ד [Daleti]Nayo iyaruka ry’abagororotse, rizohezagirwa+. Imigani 13:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Umuntu mwiza asigira intoranwa abana b’abana biwe, kandi ubutunzi bw’umucumuzi ni ikintu kibikiwe muri ntibate umugororotsi+. Imigani 20:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Umugororotsi agendera mu gutungana kwiwe+. Hahiriwe abana biwe mu nyuma ziwe+.
19 Kuko namenyanye na we kugira ategeke abahungu biwe n’urugo rwiwe mu nyuma ziwe, ku buryo bazogumya inzira ya Yehova kugira bashitse ubugororotsi n’ubutungane+; kugira Yehova ashitse koko kuri Aburahamu ivyo yavuze ku bimwerekeye+.”
22 Umuntu mwiza asigira intoranwa abana b’abana biwe, kandi ubutunzi bw’umucumuzi ni ikintu kibikiwe muri ntibate umugororotsi+.