Imigani 28:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Abaheba itegeko bashemeza umubisha+, mugabo abagumya itegeko barabarurumbira ishavu+. Yohani 15:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Iyo muba ab’isi, isi yokunze cane icayo+. Ariko kubera ko mutari ab’isi+, mugabo nkaba nabatoye mw’isi, ni co gituma isi ibanka+. 1 Yohani 4:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Bo bakomoka mw’isi+; ni co gituma bavuga ibiva mw’isi, kandi isi irabumviriza+.
19 Iyo muba ab’isi, isi yokunze cane icayo+. Ariko kubera ko mutari ab’isi+, mugabo nkaba nabatoye mw’isi, ni co gituma isi ibanka+.