ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 18:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Mugabo wewe ukwiye kurobanura mu bantu bose abagabo babishoboye+, batinya Imana+, abagabo b’abizigirwa+, banka inyungu y’akarenganyo+. Abo uheze ubagire abakuru babo, babe abakuru b’ibihumbi+, abakuru b’amajana, abakuru ba mirongo itanitanu, n’abakuru b’amacumi+.

  • 2 Samweli 23:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  3 Imana ya Isirayeli yaravuze,

      Igitandara ca Isirayeli carambwiye+ giti:

      ‘Igihe uwuganza abantu agororotse+,

      Akaganza mu gutinya Imana+,

  • Nehemiya 5:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Ariko ba buramatari ba kera banyitangiye imbere bari bararemereje abantu, bakaguma babaka shekeli mirongo ine z’ifeza ku musi ku musi zigenewe umukate n’umuvinyu. Vyongeye, abasuku babo bariganza ku bantu+. Mugabo jewe sinagize gutyo+ kubera ugutinya Imana+.

  • Imigani 8:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Ugutinya Yehova gusobanura kwanka ibibi+. Ukwishira hejuru n’ubwishime+ n’inzira mbi be n’akanwa kagoramye+, naravyanse.

  • Yesaya 33:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Kandi ubwizigirwa bw’ibihe vyawe buzoba ubukiriro umukimba+—ubukerebutsi n’ubumenyi+, ugutinya Yehova+, akaba ari ryo tunga ryiwe.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika