ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Samweli 17:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Maze Abusalomu n’abagabo ba Isirayeli bose bavuga bati: “Impanuro ya Hushayi Umwaruki ni nziza+ kuruta impanuro ya Ahitofeli!” Kandi Yehova ubwiwe yari yaratanze itegeko+ ryo kwica impanuro+ ya Ahitofeli naho ari nziza+, kugira ngo Yehova azane ivyago+ kuri Abusalomu.

  • Yesaya 6:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Umutima w’aba bantu nuwudadaze+, amatwi yabo uyakomantaze+, umatanye amaso yabo, kugira ntibaboneshe amaso yabo, n’amatwi yabo ntibayumvishe, no kugira ngo umutima wabo ntutegere, no kugira ntibahindukire koko ngo bakizwe+.”

  • Matayo 11:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Muri uwo mwanya Yezu aca avuga ati: “Ndagushemeza icese, Data, Mukama w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije inkerebutsi n’incabwenge, ukabihishurira inzoya+.

  • Abaroma 11:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 nk’uko vyanditswe ngo: “Imana yabahaye impwemu y’itiro rirerire+, ibaha amaso kugira ntibabone, n’amatwi kugira ntibumve, gushika n’uyu musi+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika