Guharura 14:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 ‘Yehova, ateba gushavura+ kandi agwije ubuntu bwuzuye urukundo+, aharira ikosa n’ikigabitanyo+, mugabo ntazogenda akuye igihano ku muntu+, azana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane+.’ Zaburi 25:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Ibicumuro vyo mu buto bwanje be n’imigararizo yanje, ewe, ntuvyibuke+!Nk’uko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buri, ubwawe nunyibuke+,Ku bw’ukumera neza kwawe, ewe Yehova+! Zaburi 32:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Ububabare umubisha agira ni bwinshi+;Ariko uwizigira Yehova, ubuntu bwuzuye urukundo ni bwo bumukikuza+. Zaburi 41:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Nayo jewe, navuze nti: “Ewe Yehova, ngirira ubutoni+.Nkiza, kuko nagucumuyeko+.” Zaburi 90:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Mu gitondo nuduhaze ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+,Kugira ngo twihe akamo k’umunezero, tunezerwe mu misi yacu yose+. Zaburi 103:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Kuko, nk’uko amajuru ari hejuru cane y’isi+,Ni ko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari agahebuza ku bamutinya+.
18 ‘Yehova, ateba gushavura+ kandi agwije ubuntu bwuzuye urukundo+, aharira ikosa n’ikigabitanyo+, mugabo ntazogenda akuye igihano ku muntu+, azana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane+.’
7 Ibicumuro vyo mu buto bwanje be n’imigararizo yanje, ewe, ntuvyibuke+!Nk’uko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buri, ubwawe nunyibuke+,Ku bw’ukumera neza kwawe, ewe Yehova+!
10 Ububabare umubisha agira ni bwinshi+;Ariko uwizigira Yehova, ubuntu bwuzuye urukundo ni bwo bumukikuza+.
14 Mu gitondo nuduhaze ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+,Kugira ngo twihe akamo k’umunezero, tunezerwe mu misi yacu yose+.
11 Kuko, nk’uko amajuru ari hejuru cane y’isi+,Ni ko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari agahebuza ku bamutinya+.