ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 5:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Ariko abahungira muri wewe bose bazonezerwa+;

      Gushika igihe kitagira urugero*, bazokwiha akamo k’umunezero+.

      Nawe uzozibira inzira ishika aho bari,

      Kandi abakunda izina ryawe bazokwigina muri wewe+.

  • Zaburi 32:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Nimuhimbarwe muri Yehova, munezerwe, yemwe bagororotsi+;

      Mwihe akamo k’umunezero, yemwe ab’umutima ugororotse mwese+!

  • Zaburi 36:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  7 Ese ukuntu ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ari ubw’agaciro ntangere, ewe Mana+!

      Kandi mu gitutu c’amababa yawe ni ho abana b’abantu bahungira+.

  • Zaburi 57:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 57 Ngirira ubutoni, ewe Mana, ngirira ubutoni+,

      Kuko muri wewe ari ho mpungiye+;

      Kandi mu gitutu c’amababa yawe ni ho mpungiye gushika amarushwa arenganye+.

  • Zaburi 61:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  4 Nzoba umushitsi mw’ihema ryawe ibihe bitagira urugero+;

      Nzohungira mu bwihisho bw’amababa yawe+. Sela.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika