Zaburi 5:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Ariko abahungira muri wewe bose bazonezerwa+;Gushika igihe kitagira urugero*, bazokwiha akamo k’umunezero+.Nawe uzozibira inzira ishika aho bari,Kandi abakunda izina ryawe bazokwigina muri wewe+. Zaburi 32:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Nimuhimbarwe muri Yehova, munezerwe, yemwe bagororotsi+;Mwihe akamo k’umunezero, yemwe ab’umutima ugororotse mwese+! Zaburi 36:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Ese ukuntu ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ari ubw’agaciro ntangere, ewe Mana+!Kandi mu gitutu c’amababa yawe ni ho abana b’abantu bahungira+. Zaburi 57:1 Bibiliya y’isi nshasha 57 Ngirira ubutoni, ewe Mana, ngirira ubutoni+,Kuko muri wewe ari ho mpungiye+;Kandi mu gitutu c’amababa yawe ni ho mpungiye gushika amarushwa arenganye+. Zaburi 61:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Nzoba umushitsi mw’ihema ryawe ibihe bitagira urugero+;Nzohungira mu bwihisho bw’amababa yawe+. Sela.
11 Ariko abahungira muri wewe bose bazonezerwa+;Gushika igihe kitagira urugero*, bazokwiha akamo k’umunezero+.Nawe uzozibira inzira ishika aho bari,Kandi abakunda izina ryawe bazokwigina muri wewe+.
11 Nimuhimbarwe muri Yehova, munezerwe, yemwe bagororotsi+;Mwihe akamo k’umunezero, yemwe ab’umutima ugororotse mwese+!
7 Ese ukuntu ubuntu bwuzuye urukundo bwawe ari ubw’agaciro ntangere, ewe Mana+!Kandi mu gitutu c’amababa yawe ni ho abana b’abantu bahungira+.
57 Ngirira ubutoni, ewe Mana, ngirira ubutoni+,Kuko muri wewe ari ho mpungiye+;Kandi mu gitutu c’amababa yawe ni ho mpungiye gushika amarushwa arenganye+.
4 Nzoba umushitsi mw’ihema ryawe ibihe bitagira urugero+;Nzohungira mu bwihisho bw’amababa yawe+. Sela.