ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 8:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Raba! Jewe n’abana Yehova yampaye+ turi nk’ibimenyetso+ n’ibitangaro muri Isirayeli biva kuri Yehova nyen’ingabo, umwe aba ku musozi Siyoni+.

  • Zakariya 3:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 “‘Ndakwinginze wumve, ewe Yosuwa umuherezi mukuru, wewe na bagenzawe bicaye imbere yawe, kuko ari abagabo bakora bwa mburizi+; kuko raba, ngira ninjize umusavyi wanje+ Munago+!

  • Luka 2:34
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 34 Vyongeye, Simeyoni arabahezagira, mugabo abwira Mariya nyina wa nya mwana ati: “Ehe, uyu ashiriweho ugutemba+ n’ukwongera kuvyuka kwa benshi muri Isirayeli+ no kuba ikimenyetso co kuvugwa nabi+

  • Ivyakozwe 4:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Aho baboneye ukutarya umunwa kwa Petero na Yohani, bagatahura yuko ari abantu batize kandi basanzwe+, baratangara. Baca bamenya yuko bahoranye na Yezu+.

  • 1 Abakorinto 4:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Kuko kuri jewe bisa n’uko Imana twebwe intumwa yadushize ubwa nyuma mw’iyerekanwa+, nk’abantu bagenewe gupfa+, kuko twacitse akabarore+ kw’isi, no ku bamarayika+, no ku bantu+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika