8 Egome, bizotegerezwa kuba nk’iyo uwushonje arose ariko ararya, maze akikangura akumva inda igaragara+; kandi bizomera nk’iyo uwunyotewe arose ariko aranywa, maze akikangura akumva arushe, agadutse; ukwo ni ko bizogendera isinzi ry’amahanga yose ariko ararwanya umusozi Siyoni+.