Zaburi 8:1 Bibiliya y’isi nshasha 8 Ewe Yehova Mukama wacu, ese ukuntu izina ryawe ari agakomeye mw’isi yose+,Wewe w’iteka riyagwa hejuru y’amajuru+! Zaburi 76:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Utwikiriwe n’umuco, ukaba uri agakomeye kuruta imisozi y’ibicakirwa+. Yesaya 33:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Mugabo ng’aho, Umwe w’agakomeye+, Yehova, azotubera ahantu h’inzuzi+, h’imigende yagutse. Nta mato y’ingafe azohagendagenda, kandi nta meri y’agakomeye izohaca. Abaheburayo 1:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Ni we gukayangana kw’ubuninahazwa+ bwayo n’ishusho nyayo y’akamere nyene kayo+, kandi ashigikiza ibintu vyose ijambo ry’ububasha bwiwe+; kandi amaze kudutyorora ibicumuro vyacu+, yicara iburyo+ bwa Nyenubukuru mu bibanza vyo hejuru+. Abaheburayo 8:1 Bibiliya y’isi nshasha 8 Ku vyo turiko turaganira rero, iciyumviro nyamukuru ng’iki: Dufise umuherezi mukuru+ mwene uyo, kandi yicaye iburyo bw’intebe y’ubwami ya Nyenubukuru mw’ijuru+,
8 Ewe Yehova Mukama wacu, ese ukuntu izina ryawe ari agakomeye mw’isi yose+,Wewe w’iteka riyagwa hejuru y’amajuru+!
21 Mugabo ng’aho, Umwe w’agakomeye+, Yehova, azotubera ahantu h’inzuzi+, h’imigende yagutse. Nta mato y’ingafe azohagendagenda, kandi nta meri y’agakomeye izohaca.
3 Ni we gukayangana kw’ubuninahazwa+ bwayo n’ishusho nyayo y’akamere nyene kayo+, kandi ashigikiza ibintu vyose ijambo ry’ububasha bwiwe+; kandi amaze kudutyorora ibicumuro vyacu+, yicara iburyo+ bwa Nyenubukuru mu bibanza vyo hejuru+.
8 Ku vyo turiko turaganira rero, iciyumviro nyamukuru ng’iki: Dufise umuherezi mukuru+ mwene uyo, kandi yicaye iburyo bw’intebe y’ubwami ya Nyenubukuru mw’ijuru+,