ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yobu 9:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Ikora ibikomeye bidaserangurika+,

      N’ibintu vy’agatangaza bitagira igitigiri+.

  • Yobu 42:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  2 “Ndamenye ko ushobora gukora vyose+,

      Kandi nta ciyumviro utoshobora gushikako+.

  • Zaburi 92:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  5 Ese ukuntu ibikorwa vyawe bihambaye, Yehova we+!

      Ivyiyumviro vyawe birimbitse rwose+.

  • Zaburi 98:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 98 Ririmbire Yehova ururirimbo rushasha+,

      Kuko ivyo yakoze ari agatangaza+.

      Ukuryo kwiwe, mbere ukuboko kwiwe kweranda, kwamuronkeje ubukiriro+.

  • Zaburi 104:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Ewe kuntu ibikorwa vyawe ari vyinshi, Yehova we+!

      Vyose wabikoranye ubukerebutsi+.

      Isi yuzuye ivyo wakoze+.

  • Zaburi 139:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Nzoguhaya kuko ndemwe mu buryo bw’agatangaza buteye ubwoba+.

      Ibikorwa vyawe ni agatangaza+,

      Kandi umutima wanje urabizi neza cane+.

  • Yesaya 40:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Ni nde yageze amazi mu rushi rwiwe gusa+, agapima ingero z’amajuru akoresheje gusa itambwe ry’intoke+ kandi agashira mu gapimisho umukungugu w’isi+, canke agapima uburemere bw’imisozi akoresheje ikigeresho, agapima n’imirambi ku munzane?

  • Ivyahishuwe 15:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Kandi bariko baririmba ururirimbo rwa Musa+ wa mushumba w’Imana n’ururirimbo rwa wa Mwagazi w’intama+, bati:

      “Ibikorwa vyawe birakomeye kandi ni agatangaza+, Yehova Mana, Mushoboravyose+. Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri+, Mwami w’ibihe bidahera+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika