Yesaya 28:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ehe ndiko nshira i Siyoni+ ibuye+ ryo kuba umushinge, ibuye ryageragejwe+, imfuruka y’agaciro+ y’umushinge udakekeranywa+. Nta n’umwe aryizera azota umutwe+. Zakariya 4:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Uri iki ga wa musozi munini+? Imbere ya Zerubabeli+ uzoba intara ishashe. Kandi azosohora koko ibuye ry’umusozo+. Bazorivugiriza akaruru+ bati: “Ewe kuntu ari iry’igikundiro! Ewe kuntu ari iry’igikundiro+!”’” Luka 20:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Mugabo arabitegereza, avuga ati: “None ibi bintu vyanditswe bisobanura iki, ibivuga ngo: ‘Ibuye abubatsi bataye+, iryo ni ryo ribaye ibuye nyamukuru rigumya imfuruka+’? Ivyakozwe 4:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Uyo ni we ‘buye mwebwe abubatsi mwafashe nk’ubusa ryabaye umutwe w’imfuruka+.’ 1 Abakorinto 3:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Kuko ata muntu ashobora gushinga uwundi mushinge+ atari uwashinzwe, ari wo Yezu Kristu+. Abanyefeso 2:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 kandi mwubatswe ku mushinge+ w’intumwa+ n’abahanuzi+, Kristu Yezu na we ubwiwe akaba ari we buye ry’umushinge rigumya imfuruka+. 1 Petero 2:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Kuko Icanditswe kivuga ngo: “Ehe ndiko nshira i Siyoni ibuye, iryatowe, ibuye ry’umushinge rigumya imfuruka, ry’agaciro; kandi nta n’umwe aryizera azogenda ateterewe+.”
16 ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Ehe ndiko nshira i Siyoni+ ibuye+ ryo kuba umushinge, ibuye ryageragejwe+, imfuruka y’agaciro+ y’umushinge udakekeranywa+. Nta n’umwe aryizera azota umutwe+.
7 Uri iki ga wa musozi munini+? Imbere ya Zerubabeli+ uzoba intara ishashe. Kandi azosohora koko ibuye ry’umusozo+. Bazorivugiriza akaruru+ bati: “Ewe kuntu ari iry’igikundiro! Ewe kuntu ari iry’igikundiro+!”’”
17 Mugabo arabitegereza, avuga ati: “None ibi bintu vyanditswe bisobanura iki, ibivuga ngo: ‘Ibuye abubatsi bataye+, iryo ni ryo ribaye ibuye nyamukuru rigumya imfuruka+’?
20 kandi mwubatswe ku mushinge+ w’intumwa+ n’abahanuzi+, Kristu Yezu na we ubwiwe akaba ari we buye ry’umushinge rigumya imfuruka+.
6 Kuko Icanditswe kivuga ngo: “Ehe ndiko nshira i Siyoni ibuye, iryatowe, ibuye ry’umushinge rigumya imfuruka, ry’agaciro; kandi nta n’umwe aryizera azogenda ateterewe+.”