Kuvayo 21:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Nimba adahimbaye mu maso ya shebuja ku buryo atamugira incoreke+ mugabo akamureka ngo acungurwe, nta burenganzira azoba afise bwo kumugurisha ku gisata kinyamahanga kandi yamuhemukiye. Imigani 2:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Nayo ababisha, bazokurwaho bave kw’isi+; nayo abahemu, bazorandurwa kuri yo+. Imigani 11:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Ubugororotsi bw’abagororotse ni bwo buzobarokora+, mugabo ibihemu bizofatwa n’ukwipfuza kwavyo+. Zefaniya 3:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Abahanuzi biwe bari abatisonera, bakaba n’abantu b’ibihemu+. Abaherezi biwe barahumanije ivyari ivyeranda; bakoreye itegeko ivy’ubukazi+.
8 Nimba adahimbaye mu maso ya shebuja ku buryo atamugira incoreke+ mugabo akamureka ngo acungurwe, nta burenganzira azoba afise bwo kumugurisha ku gisata kinyamahanga kandi yamuhemukiye.
4 Abahanuzi biwe bari abatisonera, bakaba n’abantu b’ibihemu+. Abaherezi biwe barahumanije ivyari ivyeranda; bakoreye itegeko ivy’ubukazi+.