ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 15:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Samweli na we avuga ati: “Mbega Yehova ahimbarwa n’amashikanwa aturirwa+ be n’ibimazi kuruta kugamburuka ijwi rya Yehova? Erega kugamburuka+ kuruta ikimazi+, kwumvira kukaruta ibinure+ vy’impfizi z’intama;

  • Zaburi 50:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Shikanira Imana ugukenguruka bwa bimazi vyawe+,

      Kandi ushitse indagano zawe kuri Musumbavyose+;

  • Hoseya 6:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Kuko mpimbarwa n’ubuntu bwuzuye urukundo+, si ibimazi+; kandi mpimbarwa n’ukumenya Imana aho guhimbarwa n’amashikanwa aturirwa uko yakabaye+.

  • Mika 6:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Mbega Yehova azohimbarwa n’amapfizi y’intama ibihumbi, n’inzuzi z’amavuta ibihumbi mirongo+? Mbega nzotanga umuhungu wanje w’imfura ku bw’umugararizo wanje, icamwa c’inda yanje ku bw’igicumuro canje+?

  • Matayo 12:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Ariko iyo muba mwaratahuye ico ibi bisobanura ngo: ‘Ico nshaka ni imbabazi+, si ibimazi+,’ ntimwari gutsindisha abatagira ikibagira.

  • Mariko 12:33
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 33 kandi ico c’uko umuntu amukunda n’umutima wiwe wose n’ubwenge bwiwe bwose n’inkomezi ziwe zose be n’ukwo gukunda mugenziwe nk’uko yikunda, biri n’agaciro rwose kuruta amashikanwa yose aturiwe uko yakabaye be n’ibimazi vyose+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika