ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 14:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  4 Mbega nta n’umwe mu bakora ibintu bibabaza yaronse ubumenyi+,

      Ko barotsa abantu banje nk’uko bariye umukate+?

      Ntibarushe bambaza Yehova+.

  • Imigani 22:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Uwugunga umuntu mutoyi kugira yironse ibintu vyinshi+, eka n’uwuha umutunzi, ntazobura kuja mu bukene+.

  • Yesaya 32:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Nayo umuntu atagendera ingingo, ibikoresho vyiwe ni bibi+; yiyumviriye gukora ivy’ubushirasoni*+, gusavya abarushwa n’amajambo y’ibinyoma+, mbere n’iyo umworo avuze ibigororotse.

  • Mika 3:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Mwebwe abariye kandi inyama z’abantu banje+, mukabakurako urukoba rwabo, mukamenagura amagufa yabo, mukabajanjagura nk’ibintu biri mu nkono y’umunwa munini, nk’inyama ziri hagati mu nkono+.

  • Habakuki 3:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Wacumitishije+ umukuru w’abarwanyi biwe inkoni ziwe bwite igihe baguma baja imbere nk’igihuhusi ngo banshwiragize+. Akamwemwe kabo kari nk’ak’abiyemeje kurokereza umurushwa mu bwihisho+.

  • Mariko 12:40
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 40 Ni bo barotsa inzu+ z’abapfakazi, hanyuma bagatura amasengesho maremare bwa citwazo; abo bazocirwa urubanza ruremereye kuruta+.”

  • Yakobo 5:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Raba! Impembo y’abakozi bimbuye imirima yanyu mugabo mukayigumya+ iguma isemerera+, kandi ugutaka+ kw’abashwabuzi kwashitse mu matwi+ ya Yehova nyen’ingabo*.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika