Imigani 6:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Genda ku kimonyo+, wa kinebwe+; niwihweze inzira zaco uheze ube inkerebutsi. Imigani 6:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Uzogeza ryari ga wa kinebwe kuguma wiryamiye+? Uzovyuka ryari mw’itiro ryawe+? Imigani 17:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Umusuku yerekana ko ari n’ugutahura kwimbitse azoganza umwana akora ivy’akamaramaza+, kandi hagati mu bavukana azoronka umuturi w’intoranwa+.
2 Umusuku yerekana ko ari n’ugutahura kwimbitse azoganza umwana akora ivy’akamaramaza+, kandi hagati mu bavukana azoronka umuturi w’intoranwa+.