Imigani 8:35 Bibiliya y’isi nshasha 35 Kuko uwundonka atazobura kuronka ubuzima+, kandi araronka ubutoni bwa Yehova+. Imigani 12:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Umwiza arashimwa na Yehova+, mugabo umuntu w’ivyiyumviro vy’ububisha amwita umubisha+. Luka 2:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 “Ubuninahazwa iyo hejuru+ mu majuru bube ubw’Imana, kw’isi na ho amahoro+ abe mu bantu ishima+.”