1 Ngoma 29:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Kuko turi ba kavamahanga imbere yawe tukaba n’inyambukira+ nka ba sogokuruza bacu bose. Imisi yacu kw’isi imeze nk’igitutu+, kandi nta cizigiro kiriho. Yobu 8:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Kuko twebwe turi ab’ejo+, kandi nta co tuzi,Kuko imisi yacu kw’isi ari igitutu+. Yobu 14:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Asokoroka nk’ishurwe agacibwa+,Agahunga nk’igitutu+ ntabandanye kubaho. Zaburi 102:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Imisi yanje ni nk’igitutu kiyonze+,Kandi jewe numye nk’ivyatsi+. Zaburi 144:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Umuntu ubwiwe ameze nk’impemu nsa zisohotse+;Imisi yiwe ni nk’igitutu gihita+.
15 Kuko turi ba kavamahanga imbere yawe tukaba n’inyambukira+ nka ba sogokuruza bacu bose. Imisi yacu kw’isi imeze nk’igitutu+, kandi nta cizigiro kiriho.