Gusubira mu vyagezwe 30:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Yehova Imana yawe na we ntazobura kugarukana imbohe zawe+ no kukugirira imbabazi+, asubire agutororokanye agukuye mu bisata vyose vy’abantu Yehova Imana yawe yagusanzarijemwo+. Nehemiya 1:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Nimwamara kungarukako+ mukagumya amabwirizwa yanje+, mukayashitsa+, naho abashwiragiye banyu bazoba bari ku mpera y’amajuru, nzobegeranya ndabakuyeyo+, ndabazane+ ata gukeka ahantu natoye ngo izina ryanje rihabe+.’ Yeremiya 3:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 “Garuke, yemwe bana b’ibihemu+,” ni ko Yehova avuze. “Kuko jewe nabaye umugabo abagaba+; kandi nzobatora, umwe ndamukuye mu gisagara, babiri mu muryāngo, maze ndabajane i Siyoni+. Amosi 9:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Kandi nzogarukana abagizwe imbohe bo mu bantu banje Isirayeli+, na bo bazokwubaka vy’ukuri ibisagara vyagizwe umusaka babibemwo+, batere imirima y’imizabibu binywere umuvinyu wayo, barime n’imirima birire ivyamwa vyayo+.’ Luka 15:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 “Ni nde muri mwebwe afise intama ijana, atakaje imwe muri zo, atazosiga zimwe mirongo icenda n’icenda mu gahinga akaja kurondera iyatakaye gushika ayitoye+?
3 Yehova Imana yawe na we ntazobura kugarukana imbohe zawe+ no kukugirira imbabazi+, asubire agutororokanye agukuye mu bisata vyose vy’abantu Yehova Imana yawe yagusanzarijemwo+.
9 Nimwamara kungarukako+ mukagumya amabwirizwa yanje+, mukayashitsa+, naho abashwiragiye banyu bazoba bari ku mpera y’amajuru, nzobegeranya ndabakuyeyo+, ndabazane+ ata gukeka ahantu natoye ngo izina ryanje rihabe+.’
14 “Garuke, yemwe bana b’ibihemu+,” ni ko Yehova avuze. “Kuko jewe nabaye umugabo abagaba+; kandi nzobatora, umwe ndamukuye mu gisagara, babiri mu muryāngo, maze ndabajane i Siyoni+.
14 Kandi nzogarukana abagizwe imbohe bo mu bantu banje Isirayeli+, na bo bazokwubaka vy’ukuri ibisagara vyagizwe umusaka babibemwo+, batere imirima y’imizabibu binywere umuvinyu wayo, barime n’imirima birire ivyamwa vyayo+.’
4 “Ni nde muri mwebwe afise intama ijana, atakaje imwe muri zo, atazosiga zimwe mirongo icenda n’icenda mu gahinga akaja kurondera iyatakaye gushika ayitoye+?