ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 30:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Yehova Imana yawe na we ntazobura kugarukana imbohe zawe+ no kukugirira imbabazi+, asubire agutororokanye agukuye mu bisata vyose vy’abantu Yehova Imana yawe yagusanzarijemwo+.

  • Nehemiya 1:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Nimwamara kungarukako+ mukagumya amabwirizwa yanje+, mukayashitsa+, naho abashwiragiye banyu bazoba bari ku mpera y’amajuru, nzobegeranya ndabakuyeyo+, ndabazane+ ata gukeka ahantu natoye ngo izina ryanje rihabe+.’

  • Yeremiya 3:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 “Garuke, yemwe bana b’ibihemu+,” ni ko Yehova avuze. “Kuko jewe nabaye umugabo abagaba+; kandi nzobatora, umwe ndamukuye mu gisagara, babiri mu muryāngo, maze ndabajane i Siyoni+.

  • Amosi 9:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Kandi nzogarukana abagizwe imbohe bo mu bantu banje Isirayeli+, na bo bazokwubaka vy’ukuri ibisagara vyagizwe umusaka babibemwo+, batere imirima y’imizabibu binywere umuvinyu wayo, barime n’imirima birire ivyamwa vyayo+.’

  • Luka 15:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 “Ni nde muri mwebwe afise intama ijana, atakaje imwe muri zo, atazosiga zimwe mirongo icenda n’icenda mu gahinga akaja kurondera iyatakaye gushika ayitoye+?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika