ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 42:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Abantu b’impumyi nzotuma bagendera mu nzira batamenye+; nzotuma bahonyora mw’ibarabara batamenye+. Ahantu h’umwiza nzohahindura umuco imbere yabo+, ikibanza kitaringaniye ndagihindure intara ishashe+. Ivyo ni vyo nzobakorera, kandi sinzobaheba+.”

  • Luka 4:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 “Impwemu ya Yehova+ iri kuri jewe, kuko yandobanuje amavuta* kugira ngo menyeshe inkuru nziza aboro, yantumye kwamamaza ukubohorwa ku mbohe n’uguhumuka ku mpumyi, kurekura abajanjaguwe bakidegemvya+,

  • Ivyakozwe 26:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 ngo uhumure amaso yabo+, ngo ubahindukize bave mu mwiza+ baje ku muco+, kandi ngo bave mu bubasha bwa Shetani+ baje ku Mana, kugira ngo baronke ukubabarirwa ibicumuro+ be n’intoranwa+ mu bejejwe+ n’ukunyizera.’

  • Ivyahishuwe 3:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 nkugiriye inama ngo ungureko inzahabu+ ityorojwe umuriro kugira ngo ube umutunzi, n’impuzu zo hejuru zera kugira ngo wambare no kugira ngo isoni z’ubwambure bwawe ntizerekanwe+, n’umuti wo gusiga mu maso+ yawe kugira ngo ubone.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika